Uko wahagera

Tuniziya Yafashe Abimukira Barenga 200 Bagira Baje mu Butaliyano


Abimukira bashitse ku nkengera za Tuniziya
Abimukira bashitse ku nkengera za Tuniziya

Abategetsi muri Tuniziya bavuze kuri uyu w’Imana ko bahagaritse abimukira 223 bariko bagerageza gushika ku nkengera z’amazi mu Butaliyano. Umuvugizi w’igisirikare gicungera inkengera z’amazi muri Tuniziya, Houssem Eddine Jebabli yavuze ko bafatiwe mu bwato icenda butandukanye, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu rishira uwa mungu. Yavuze kandi ko abo bimukira bamuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika, harimwo n’abanyetuniziya 111.

Mu kwezi guheze, abasirikare ba Tuniziya bacungera umutekano mu mazi bavuze ko baburijemwo abimukira incuro zitandatu, bongera barokora 125 bariko berekeza ku mugabane wa Buraya.

Ikigo ca ONU kijejwe impunzi, HCR, kivuga ko abimukira barenga 58.800 bashoboye kwinjira mu Butaliyano kuva mu ntango z’uyu mwaka, benshi baciye mw’ibahari Mediterane. Abarenga 1.300 barahasize ubuzima canke baburirwa irengero bariko bagerageza guca mw’ibahari Mediterane, bagamije kwinjira mu Butaliyano, Esupanye n’Ubugiriki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG