Uko wahagera

ONU Irega Libiya Gusubiza Abimukira mu Bihugu Bahunze


Abimukira hanze y'ibiro vya HCR i Tripoli. Kw'itariki 10/10/2021
Abimukira hanze y'ibiro vya HCR i Tripoli. Kw'itariki 10/10/2021

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyita ku burenganzira bwa muntu biranegura abategetsi ba Libiya kubona birukanye n’inguvu abasaba ubuhungiro hamwe n’abimukira bari muri ico gihugu. ONU igabisha ko abo bantu bashobora guhura n’ibibazo vyinshi basubijwe mu bihugu bahunze bariko barahigwa.

Imigwi ibiri minini yirukanywe muri Libiya mu kwezi guheze igizwe ahanini n’abenegihugu bamuka muri Sudani. Abagenderezi ba ONU bavuga ko benshi birukanwe bakuwe mu bigo bari bafungiwemwo vya Ganfouda na al-Kufra. Ivyo bigo uko ari bibiri bigenzurwa n’igisata c’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kirwanya abinjira mu gihugu batubahirije amategeko.

Abo bagenderezi bavuga ko abo banyesudani batwawe n’imodokari bacishijwe mu bugararwa bwa Sahara, bashikanwa ku rubibe na Sudani baca batabwayo.

Ibiro vya ONU vyita ku gateka ka muntu bivuga ko Libiya yirukanye abo bimukira hatisunzwe inzira bicamwo kandi ko ari uguca kubiri n’amategeko mpuzamakungu ku gateka ka muntu hamwe n’ayagenga impunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG