Uko wahagera

Abategetsi ba Libiya Bafunze Abimukira Barenga 600


Abategetsi ba Libiya bahagaritse bunyamaswa abimukira baharurwa mu majana hamwe n’impunzi zari mw’ikambi yariko iberamwo imyiyerekano ku murwa mukuru Tripoli. Ibi vyavuzwe n’amashirahamwe y’abagiraneza kuri uyu wa mbere.

Amashirahamwe y’abagiraneza, iryo muri Norvege, Conseil Norvegien des refugies, CNR n’iryo muri Amerika, International Rescue Committee (IRC), avuga ko ahangayikishijwe n’ifungwa ry’abimukira barenga 600, impunzi hamwe n’abasaba ubuhungiro ryabaye kuri uyu wa mbere.

Umukuru w’ishirahamwe IRC muri Libiya, Thomas Garofalo yavuze ko abaforoma baryo bavuye abantu benshi bakomeretse barimwo umwe afise ibikomere vy’amasasu. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yo avuga ko abo bimukira bahura n’amabi yo guhungabanirizwa agateka no kudandazwa.

Libiya yabaye umuhora w’abimukira bagomba kwinjira ku mugabane wa Afrika kuva mu 2011 Moamer Kadhafi akuwe ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG