Uko wahagera

Amerika Yasubiye Gusaba Uburusiya Kudasomborotsa Ukraine


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Lloyd Austin y
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Lloyd Austin y

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Lloyd Austin yasavye Uburusiya guhwamika imishamirano n'igihugu ca Ukraine. Austin yatangaje ko Amerika itazoba iri yonyene ni yo yakenera gufata ingingo y’ukwishura ku ngingo y’Uburusiya y’ukwongereza inteko ku rubibe busangiye na Ukraine.

Yatangaje uno musi ku wa kane ari ku murwa mukuru wa Koreya y’epfo, Seoul mu nama n’abategetsi b’ico gihugu ko naho adashobora kuvuga ku kugene Amerika izokwishura ku gasomborotso k’Uburusiya kuri Ukraine, ico gihugu cotegerezwa kumenya ko igihugu ciwe kitazoba ari conyene.

Amenyesha ko ivyo bazokora vyose bazoba bari kumwe n’amakungu. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken igihe yabonana na bagenzi we bo mw’ishirahamwe OTAN muri Letoniya ku musi wa gatatu yaragabishije ko Amerika yiteguriye kwongereza ibihano mu vy’ubutunzi bigenewe Uburusiya hamwe vyokenerwa.

Yamenyesheje ko babwiye abategetsi b’Uburusiya ku buryo bugaragara ko bazokwishura n’ibihano bizogira ingaruka zikomeye cane ku butunzi bw’Uburusiya birinze gukoresha muri kahise. Yabonanye ku muhingamo w’uno musi ku wa kane n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov mu gisagara ca Stockholm mu gihugu c’Ubusweda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG