Uko wahagera

Amerika Iragabisha Uburusiya mu Gihe Bwotera Ukraine


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, inyuma y'inama ya OTAN i Riga, muri Letoniya, kw'italiki ya 1/12/2021.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, inyuma y'inama ya OTAN i Riga, muri Letoniya, kw'italiki ya 1/12/2021.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken yatangaje ku musi wa gatatu ko Uburusiya busa n'uburiko bwitegura gutera igihugu ca Ukraine.

Yagabishije abategetsi b’Uburusiya ku nkwirikizi ivyo bishobora kugira kuri bo. Blinken avuga ko batewe impungene zikomeye n’ibimenyetso vyerekana ko Uburusiya bwatunganije imigambi y’agasomborotso gakomeye kuri Ukraine. Iyo migambi irimwo guhungabanya ico gihugu n’ibikorwa bikomeye vya gisirikare.

Yabitangaje mu kiganiro yatangiye ku murwa mukuru w’igihugu ca Letoniya, Riga, inyuma y’inama n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi b’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN.

Blinken yatangaje ko mu ndwi za vuba Uburusiya bwongereje ibikorwa vyo kwitegurira gutera Ukraine harimwo gushira izindi nteko ibihumbi n’ibihumbi hafi y’urubibe busangiye n’ico gihugu.

Yagabishije abategetsi b’ico gihugu ko Amerika itazoguma ireze amaboko, kandi ishobora gufata ingingo zizogira ingaruka zikomeye ku butunzi bw’Uburusiya, bari birinze gufata muri kahise.

Ivyatangajwe na Blinken vyabaye gatoyi inyuma y’uko abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ishirahamwe OTAN berekanye ko bari hamwe mu kwiyamiriza agasomborotso akariko kose k’Uburusiya kuri Ukraine.

Mu misi ya vuba ivyo bihugu vyompi vyagirizanije ko biriko bishira ibitigiri binini vy’inteko zavyo mu bice biri ku rubibe bisangiye.

Uburusiya bwafashe intara ya Crimeya yegukira Ukraine mu mwaka w’i 2014. Ico gihugu kandi gishigikiye abarwanyi bashaka kwiyonkora kuri Ukraine bari mu buseruko bw’ico gihugu.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, yabwiye abagize inama nshingamateka ku musi wa gatatu ko uburyo bwonyene bw’ugutorera inyishu intambara n’abashaka kwiyonkora ku gihugu ciwe bashigikiwe n’Uburusiya bari mu ntara ya Donbas buzoca mu biganiro amaso mu yandi na reta y’ico ihugu.

Ku musi wa kabiri, Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yaratangaje ko igisirikare ciwe kizotegerezwa kwishura niyo ishirahamwe OTAN ryarengana umurongo ntarengwako mu kwagura uburyo bwaryo bwa gisirikare muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG