Uko wahagera

Amerika Yagabishije Uburusiya Kudasomborotsa Intambara muri Ukraine


Anthony Blinken, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ayandi makungu

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ari mu gisagara ca Riga, muri Lativia, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yasiguye ko Amerika itewe impungenge n’uruja n’uruza rw’ingabo z’Uburusiya ku mupaka ico gihugu gihana na Ukraine.

Muri ico kiganiro, Blinken yavuze ko Uburusiya bwihenze bugasubira gusomborotsa Ukraine buzohura n’ingaruka zikomeye. Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, nawe yasavye Uburusiya kugabanya icuka kibi, asigura ko bugasubira gusotora Ukraine buzohura n’ingaruka za politike n’ubutunzi.

Bitegekanijwe ko ico kibazo c’Uburusiya kigaruka mu biganiro vy’abashikiranganji b'imigenderanire y’ibihugu bigize ishirahamwe rijejwe kwivuna abansi, OTAN uno musi ku wa kabiri n’ejo ku wa gatatu mu gisagara ca Riga. Blinken yavuze ko azogira vyinshi akivugako inyuma y’imishikirano azogirana na bagenzi biwe bari kumwe mw’ishirahamwe rya OTAN.

Inama y’ibihugu bigize OTAN iriko iba mu gihe ibihugu nka Latvia, Lithuania na Poland biri bigize iryo shirahamwe bihanganye n’ikibazo c’abimukira baca ku mupaka wa Biyerorusiya. Ubumwe bwa Buraya bwagiriza Prezida wa Biyerorusiya, Alexander Lukashenko, guhungabanya umuryango w’ubumwe bwa Buraya biciye mu “gutera intege” abimukira baca ku mupaka wabwo.

Antony Blinken ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu avuga ko Amerika n’Ubumwe bwa Buraya biteguriye gufatira ibindi bihano Berarusiya kubera “Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ukutubahiriza demokarasi, no guhonyanga amategeko mpuzamakungu.”

Bimwe mu bigize ino nkuru, Ijwi ry’Amerika ribikesha itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG