Uko wahagera

Perezida Lukashenko wa Biyerorusiya Agabishwa Gufatirwa Ibindi Bihano


Perezida wa Biyerorusiya Alexander Lukashenko i Minsk, kw'itariki 15/11/2021
Perezida wa Biyerorusiya Alexander Lukashenko i Minsk, kw'itariki 15/11/2021

Ishirahamwe rya Buraya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, kuri uyu wa mbere biyemeje gufatira ibihano bishasha ubutegetsi bwa perezida wa Biyerorusiya, Alexander Lukashenko. Ni mu gihe ibigwi vy’abimukira bakoraniye ku rubibe na Polonye naho Biyerorusiya ivuga ko iriko iragerageza kubasubiza inyuma.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe rya Buraya barakoranye bemeranya ko ibihano vyafatiwe perezida Lukashenko hamwe n’abamwegereye vyongerezwa no ku bantu canke amashirahamwe yagaragaye ko yafashije ko abimukira bajabuka imbibe muri Polonye.

Abadiplomate b’ubumwe bwa Bulaya bavuze ko ibi bihano bishasha vyitezwe kuzohabwa abategetsi hafi 30 ba Biyerorusiya, kompanyi y’indege ya reta hamwe n’amashirahamwe yo kwunguruza abantu n’ibintu.

Ubumwe bwa bulaya bwagiriza Biyerorusiya kurungika abimukira bari mw’ikambi y’ico gihugu ku rubibe na Polonye mu kwihora ku bihano Uburaya bwafatiye ico gihugu.

Perezida, Lukashenko arahakana ivyo yagirizwa ko yashuhuriye abimukira ku rubibe, avuga ko wabaye umuzigo ku gihugu ciwe. Yavuze kandi ko Biyerorusiya izokwigwanira mu gihe yofatirwa ibindi bihano bishasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG