Uko wahagera

Amerika, Canada n'Ubwongereza Bongeye Gufatira Ibihano Biyerorusiya


Perezida wa Biyerorusiya, Alexander Lukashenko mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Minsk, Belarus, kw'itariki 9-08-2021
Perezida wa Biyerorusiya, Alexander Lukashenko mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Minsk, Belarus, kw'itariki 9-08-2021

Reta zunze ubumwe za Amerika, ifadikanije n’Ubwongereza na Canada, bafashe ibihano bishasha kuri Biyerorusiya kuri uyu wa mbere. Ni inyuma y’umwaka ico gihugu co mu burengero bw’umugabane wa Buraya cinjiye mu myiyerekano yiyamiriza ivyavuye mu matora yanenzwe ko yabayemwo ubusuma.

Kuva ico gihe, perezida wa Biyerorusiya, Alexander Lukashenko, yafashe ingingo zo guhangana n’abakora imyiyerekano mu mahoro hamwe n’abanyeporitike batavuga rumwe nawe.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ikigega bwavuze ko bwifatanije na Canada n’Ubwongereza bafatira hamwe ibihano ku bisata vy’ubwubatsi, amasoko ntanganguvu, amahinguriro y’itabi. Amerika ivuga ko ari vyo biha amafaranga reta ya Lukashenko.

Ibi bihano bishasha bikurikiye ivya mbere vyafatiwe bamwe mu bategetsi ba Biyerorusiya. Vyabafatiye amatungo no kubabuza kugendera ibi bihugu bitatu. Ariko ntaco vyakoze kugira Perezida Lukashenko ahindure ingendo. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG