Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Vyoba Bigiye Kwunvikana mu vy'Ubudandaji?


 Robert Lighthizer kumwe na Liu He
Robert Lighthizer kumwe na Liu He

Igihugu c’Ubushinwa cemeje ko umutegetsi mukuru waco ajejwe ibiganiro mu vyerekeye ubudandaji, Liu He, azoja muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ncuro nshasha y’ibiganiro vyerekeye ubudandaji hagati y’Ubushinwa na Amerika mu mpera z’iyi ndwi.

Ivyo naho Prezida wa Amerika, Donald Trump yagabishije gushira amatagisi ari hejuru kurushiriza ku bidandazwa vy’Ubushinwa vy’agaciro k’imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari. Ni inyuma yuko Prezida Trump yidogeye ugufata igihe kirekire kw’ibiganiro vyerekeye ubudandaji n’Ubushinwa.

Ubushikiranganji bujejwe ubudandaji bwasohoye itangazo uno musi ku wa kabiri rivuga ko umuhanuzi mukuru mu vyerekeye ubutunzi wa prezida w’Ubushinwa, Liu He azobonana n’umutegetsi mukuru aserukira Amerika mu vyerekeye ubudandaji, Robert Lighthizer n’umushikiranganji ajeje ikigega wa Amerika, Steven Mnuchin mqu biganiro vy’imisi ibiri bizotangura ku musi wa kane w’iyi ndwi.

Ivyo Prezida wa Amerika, Donald Trump yatangaje ku rubuga Twitter ku musi w’Imana ku matagisi mashasha ku bibandazwa bivuye mu gihugu c’Ubushinwa vyatumye amasoko y’imitahe yo muri Aziya na Amerika atakaza agaciro kayo ku musi wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG