Ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubushinwa bitegekanijwe kwongera gutangura mu ndwi iza, mu mwizero wo kurangiza intambara y’ubutunzi hagati y’ivyo bihugu bitunze cane kw’isi.
Umushikiranganji w’ubutunzi w'Amerika, Steve Mnuchin yabibwiye abamenyeshamakuru ejo kuwa gatatu ko we n’intumwa ya Amerika muvy’ubudandaji Robert Lighthizer bagiye kuja i Beijing n’uwundi murwi munini w’intumwa.
Abanyamerika n’Abashinwa barerekanye ubushake bwo gushika ku masezerano imbere yuko itariki ntarengwa yo mu kwezi kwa gatatu italiki 2 yatanzwe na Washington igera, atar’ivyo ibidandazwa vy’ubushinwa vyinjira muri Amerika bizokwongerezwa amatagisi.
Ibiganiro vyabaye mu ndwi iheze i Washington hagati y’intumwa z’ivyo bihugu bibiri vyabaye ingirakamaro, nkuko umushikiranganji w’ubutunzi wa Amerika abivuga.
Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump, mw’ijambo yashikirije abanyamerika ku musi wa kabiri, yavuze ko amasezerano y’ubudandaji n’Ubushinwa azorangiza ico yise akarenganyo mu guhanahana ibidandazwa kandi bizokingira ubuzi bw’Abanyamerika.
Facebook Forum