Ibiganiro vyerekeye ubudandaji hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubushinwa vyatanguye uno musi ku wa mbere ku murwa mukuru w’Ubushinwa, Beijing.
Abaserukira izo mpande 2 muri ivyo biganiro bariko bagerageza gutorera inyishu amatati afatiye ku matagisi yagize ingaruka zikomeye ku masoko y’imitahe mu makungu.
Yamara abategetsi b’Ubushinwa ntibashimishijwe n’ukubona ubwato b’ingwano bw’Abanyamerika, USS McCampbell, mu vyo bavuga ko ari amazi yegukira Ubushinwa hafi y’amazinga yo mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’ico gihugu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Lu Kang avuga ko abategetsi b’igihugu ciwe babwiye abategetsi ba Amerika ko batanezerejwe na gato n’ukubona ubwo bwato bw’ingano mu mazi yegukira igihugu cabo. Nta nyishu y’abategetsi ba Amerika yamenyekanye buno nyene.
Yamara ibiganiro vyerekeye ubudandaji hagati y’ivyo bihugu bibiri vyarabandanije.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Lu Kang, avuga ko igihugu ciwe na Amerika vyumvikanye ku vyerekeye kugirana ibiganiro vyubaka ku bibazo vyerekeye ubudandaji.
Facebook Forum