Uko wahagera

Icuka Kibi mu Budandaji Hagati ya Amerika n’Ubushinwa


Perezida Donald Trump asinya itegeko rifatira ingingo Ubushinwa ku bijanye no guhanahana urudandazwa, White House, Itariki 22/03/2018, i Washington.
Perezida Donald Trump asinya itegeko rifatira ingingo Ubushinwa ku bijanye no guhanahana urudandazwa, White House, Itariki 22/03/2018, i Washington.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump kur'uyu wa kane yateye igikumu ku rwandiko rushobora gutuma haduka uruhagarara mu budandanji hagati ya Amerika n’Ubushinwa.

Ico gikorwa kigiye kuba ku ruhande rumwe, mu ntumbero yo kwihora aho mu misi yahera habaye iyitirwa ritemewe ry’ubumenyi bw’Abanyamerika bwitiriwe amashirahamwe y’Abashinwa.

Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe ubudandanji, avuga ko Ubushinwa bunegura intumbero y’urwo rwandiko iza guhungabanya ubudandanji hagati y’ivyo bihugu. Yizera kw’ ivyo bihugu vyompi bizotorera umuti w’ibibazo bihari mu nzira y’ibiganiro.

Ivyo bibaye inyuma y’aho ku musi wa gatatu, abategetsi ba Amerika bashikiriza abamenyeshamakuru ivyavuye mu matohoza yar’ amaze amezi n’amezi akorwa mu kwihweza niba amasezerano y’ubudandaji hagati ya Amerika n’ubushinwa yo mu 1974, yarahonyanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG