Uko wahagera

Amasasu mu Gisagara Kiriko Kiberamwo Amahiganwa ya CAN


Ubwinjiriro bwa Kaminuza y'Igisagara ca Buea kiriko kiberamwo ihiganwa ry'inkino z'igikombe c'ibihugu vy'Afurika
Ubwinjiriro bwa Kaminuza y'Igisagara ca Buea kiriko kiberamwo ihiganwa ry'inkino z'igikombe c'ibihugu vy'Afurika

Amasasi yumvikanye uno musi ku wa gatatu mu gisagara ca Buea kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Kameruni. Ni mu gihe ico gisagara cakiriye imirwi nserukiragihugu 4 iriko ihiganwa mu nkino z'igikombe c'ibihugu vya Afrika ziriko zibera muri Kameruni.

Inkino z’igikombe c’ibihugu vya Afrika zatanguye ku musi w’Imana urangiye mu gihe hari impungenge zerekeye umutekano, cane cane mu ntara zo mu burengero bw’igihugu aho abashaka kwiyonkora ku gihugu bakoze ibitero vyihaye inkumbi ku basivile no ku gisirikare kuva mu mwaka w’i 2017.

Abakinyi baserukira ibihugu vya Mali, Gambiya, Tuniziya na Moritaniya, biri mu murwi F, bari mu gisagara ca Buea, aho ugutana mu mitwe incuro zitari nke hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanya ubutegetsi kwabereye.

Buea ni isaha imwe umuntu agenda n’imodoka avuye mu gisagara ca Limbe kiri ku nkengera z’ibahari Atlantike aho inkino zibiri mu murwi F zabereye uno musi ku wa gatatu. Ni ukuvuga urukino hagati ya Mali na Tuniziya n’urukino rwahuje Moritaniya na Gambiya.

Itorokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ntiryashoboye gusuzuma mu buryo bwigenga niba hari ugutana mu mitwe kwabereye muri ico gisagara uno musi ku wa gatatu.

Abarwanyi bavuga ururimi rw’icongereza bari ku rushi baba mu burengero bwa Kameruni barondeye kwiyonkora kuri ico gihugu kuva mu mwaka w’i 2017. Bashaka gushiraho igihugu cabo citwa, Ambazoniya. Bamenyesha ko bakumiwe na reta igizwe n’abavuga ururimi rw’igifransa.

Ingwano hagati y’abashaka kwiyonkora ku gihugu n’inteko za reta yahitanye abantu batari munsi y’i 3.000, ituma abantu bagera ku muliyoni bahunga. Izo mpande zibiri ziragirizanya ku mabi akorerwa abasivile. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG