Uko wahagera

Amajwi y'Ivyavuye mu Matora muri Afuganistani Ntiyabaye Agitangazwa


Ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora muri Afuganistani vyari vyitezwe ko bitangazwa kuri uno wa gatandatu ntivyatangajwe.

Umurwi utunganya amatora muri ico gihugu wasiguye ko ikibazo c’ubuhinga no gushaka gutangaza ibitigiri biciye mu muco ari vyo vyatumye isango ritubahirizwa.

Vyari bitegekanijwe ko ibiharuro vy’imfatakibanza bitangazwa kuri uno wa gatandatu, igenekerezo ry’indwi ukwezi kwa cumi na rimwe naho hagatangazwa ibitigiri ntabanduka.

Igice kinini c’indorerezi zahagarikiye incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Afuganistani zavuze ko ari amatora yatunganijwe “Neza kandi mu muco.” Gusa, ubuhinga bwa none bwakoreshejwe mu ntumbero yo kurinda ko atawotora kabiri bwatumye hibonekeza twa sorobo dutandukanye nkuko umurwi utunganya amatora ubivuga.

Abagera ku miliyoni hafi cumi ni bo bitabiriye incuro ya mbere y’amatora yatunganijwe igenekerezo rya 28 ukwezi kwa cenda muri Afuganistani. Muri rusangi abakandida bahiganywe ni 18 barimwo Perezida Ashraf Ghani, ari muri babiri ba mbere bahabwa amahirwe menshi yo kuzotahukana intsinzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG