Uko wahagera

Afuganistani Baratinya Imidurumbanyo Inyuma y'Amatora


Afghanistani bitabira amatora
Afghanistani bitabira amatora

Abategetsi muri Afuganistani baracariko baraharura amajwi yavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo ku musi wa gatandatu, yabaye hari icuka c’ubwoba catewe n’Abatalibani ndetse n’ubwoba bw’inyuma yayo.

N'aho hagaragaye inyifato nziza y’umugwi ujejwe gutunganya amatora hamwe n’abajejwe umutekano, ubwoba buracahari ku gutinya ikizoba mu gihe hoba ukutumvikana kubizoyavamwo, ahashobora kuba intambara yo kurwanira ubutegetsi.

Ikiringo co guharura muri Afuganistani gifata igihe kirekire kuko amasandugu y’amatora ava mu bice vya kure, ahatagira uburyo bwo guhanahana amakuru. Ibiharuro vy’ibanze vyitezwe mu ndwi ziri imbere.

Baba abajejwe gutunganya amatora hamwe n’abajejwe umutekano bose bavuga ko biteguye guhangana n’ibizoba vyose n'aho Afuganistani ifise akahise k’imidurumbanyo inyuma y’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG