Uko wahagera

Abatalibani Bagabisha ko Bagiye Gukaza Ibitero muri Afuganistani


Abasirikare ba Afuganistani muri kimwe mu bibanza biheruka kugabwako ibitero
Abasirikare ba Afuganistani muri kimwe mu bibanza biheruka kugabwako ibitero

Abatalibani bagabisha ko bagiye gukaza ibitero muri Afuganistani mu ntumbero yo kudurumbanya no kuburizamwo amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe ku munsi wa gatandatu.

Amatora yo ku wa gatandatu muri Afuganistani ariko yitegurirwa mu cuka kibi n’umutekano muke. Ukwiyamamaza kw’abakandida kurangirana n’ino ndwi kwaranzwe n’ibitero vyahitanye abagera ku 50 harimwo n’icagabwe aho Perezida Ashraf Ghani yiyamamarije.

Abatalibani badashigikiye itunganywa ry’ano matora babwiye abanyagihugu ko uwuzohirahira akaja gutora ashobora guhura n’ivyago. Abakurikirana politike y’ico gihugu basigura ko uko kugabisha gushobora kugabanya ibitigiri vy’abazoyitabira.

Muri rusangi, abategetsi bavuga ko ibiro bitegekanijwe kuzotorerwamwo bigera ku 5000, mu gihe ibirenga 500 vyari bitegekanijwe gutorerwamwo bitagitorewemwo ku mvo z’ubushobozi buke bwo gukingira umutekano.

Amatora yo ku wa gatandatu yari kuba yabaye mu kwezi kwa kane ariko yegezwa inyuma incuro zibiri zose mu ntumbero yo kubanza gutunganya ibiganiro vy’amahoro. Ni ibiganiro vyagiye biracumbagizwa ku ruhande rumwe n’Abatalibani banana ko batageza kuganira n’ubutegetsi bwa Perezida Ashraf Ghani bagiriza gukorera mu kwaha kwa Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Ku rundi ruhande vyaciriwemwo n’ihagarikwa ry’imishikirano hagati ya Amerika n’Abatalibani. Mu vyari bitegekanijwe muri iyo mishikirano harimwo umugambi w'Amerika wo kuvana muri Afuganistani abasirikare bayo bagera ku 14.000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG