Uko wahagera

Bombe Yatewe Ahari Perezida wa Pakistani Yishe 24 Ikomeretsa 31


Umuntu ahetse uwakomerekeye mu gitero co mu kwezi wa munani muri Afuganistani

Bombe yatewe n’abantu bataramenyekana mu kibanza perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani yariko akoreramwo imyiyamamazo y’amatora mu gatondo k’uno wa kabiri yahitanye 24 ikomeretsa 31.

Abategetsi b’intara ya Parwan batangaje ko iyo bombe yaturikijwe Perezida Ashraf Ghani ariko ashikiriza ijambo abamuyoboka bari baje kumwumviriza. Nta n’umwe mu bari bamuherekeje kwiyamamaza yakomeretse canke ngo ahitanwe n’iyo bombe.

Ibitaro bikuru vy’intara ya Parwan iherereye mu buraruko bwa Pakistani ahabereye ico gitero vyemeje ko mu bahitanywe n’iyo bombe n’abakomeretse harimwo abana n’abagore.

Hagati aho, polisi ya Pakistani ivuga ko hambavu y’ico gitero hari urusaku rw’ibisasu rwumvikanye mu micungararo y’ahakorera ubuserukizi bwa Amerika ku murwa mukuru Kaboul. Ivyahononekariye ntibirashobora kumenyekana.

Nta murwi n’umwe uriyitirira ibitero vyo kuri uno wa kabiri muri Pakistani. Ico bikoze imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu muri pakistani igitangura, abatalibani bagabishije ko bazokora ibishoboka vyose bakadurumbanya amatora ateganijwe igenekerezo rya 28 uku kwezi kwa cenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG