Uko wahagera

Abategetsi ba CEDEAO mu Nama ya Kudeta Yakorewe Alpha Conde


Bamwe mu batyegetsi ba CEDEAO
Bamwe mu batyegetsi ba CEDEAO

Abategetsi bo mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero barabonana kuri uyu wa kane mu ntumbero yo kurabira hamwe ikibazo ca kudeta muri Gineya. bazokwihweza kandi ukuntu bohimiriza abasirikare batembagaje ubutegetsi gusubiza igihugu mu nzira ya Demokrasi.

Iryo shirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu 15 vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO ryariyamirije itembagaza ry’ubutegetsi bwa Prezida Alpha Conde, rigira gatatu muri ico gihugu.

Mu ndwi iheze, ivyo bihugu vyarakuye Gineya mu bihugu bifata ingingo muri uyo muryango, vyongera birungika intumwa zija kubonana n’abasirikare bagize kudeta.

Umushikiranganji w’igihugu ca Ghana ajejwe imigenderanire, Ayorkor Botchway, ari na we arongoye akanama k’abashikiranganji baserukira ivyo bihugu, yatangaje kw’intumwa zigiye kurungikwa muri Gineya zizoca zishikiriza ivyavuye muri uyo mubonano ku musi wa kane.

Botchway avuga ko abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe bazoca bakorana hanyuma bagafata ingingo z’ukuntu bohimiriza abakoze kudeta gusubiza igihugu mu nzira ya demokrasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG