Uko wahagera

CEDEAO Yahagaritse Gineya mu Muryango Kubera Kudeta


Liyetena Colonel Mamady Doumbouya, ashikiriza ijambo inyuma yo gukura reta inyuma ya Kugeta i Conakry, kw'itariki ya 5/09/2021
Liyetena Colonel Mamady Doumbouya, ashikiriza ijambo inyuma yo gukura reta inyuma ya Kugeta i Conakry, kw'itariki ya 5/09/2021

Ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, ryahagaritse Gineya muri uyo muryango, inyuma ya kudeta iherutse muri ico gihugu. Umushikiranganji wa Burkina Faso ajejwe imigenderanire n’amakungu, Alpha Barry, yabivuze kuri uyu wa gatatu mu nama kuri Gineya yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

Umushikiranganji Barry yavuze ko ishirahamwe CEDEAO rirungika intumwa mu biganiro muri Gineya kuri uyu wa kane.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y’aho inteko zidasanzwe za Gineya zirongowe na Lieutenant Colonel Mamady Doumbouya zifatiye ubutegetsi ku musi w’Imana, zongera zifata Perezida Alpha Conde.

Umushikiranganji Barry yavuze kandi ko CEDEAO igiye gusaba ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushigikira iyo ngingo yo gukumira Gineya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG