Uko wahagera

Gineya: Abasirikare Bafunguye Imbohe za Poritike


Abasirikare kumabariyeri i Conakry muri Gineya, kw'itariki 6/09/2021

Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Gineya babohoje abanyeporitike hafi 20 batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Alpha Conde bari mw’ibohero.

Igisirikare cafashe ubutegetsi ku musi w’Imana, cavuze mu ntango y’iyi ndwi ko kigiye kwihutisha kurekura imbohe za poritike muri ico gihugu. Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika bihurikiye muri CEDEAO, biri mu myiteguro yo kuganira ku ruhagarara ruri muri ico gihugu.

Alpha Conde yarahagaritse abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe barenga 10, inyuma y’intureka zishingiye ku matora zabaye mu mwaka uheze.

Umumenyeshamakuru wa AFP yavuze ko yiboneye abashika kuri 20 babohowe mw’ibohero ku murwa mukuru Conakry, ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, barimwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abashingwamanza baserukira izo mbohe za poritike bavuze ko 79 bari ku rutonde rw’abarekurwa, inyuma y’ibiganiro bagiranye n’igisirikare.

Igisirikare casohoye itangazo ku musi wa mbere risaba ubushikiranganji bw’ubutungane kwihutisha kurekura abanyeporitike batawe mu mvuto. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG