Uko wahagera

Abarundi Bahungiye mu Rwanda Bazotangura Gutahukanwa mu kwa 8


Impunzi za mbere z’Abarundi bahungiye mu Rwanda bazotangura gutahukanwa itariki 27 z’uku kwezi kwa munani. Iyi ni imwe mu ngingo zafashwe n’inama nyabutatu yahuje Uburundi, u Rwanda na HCR kuri uyu wa kane.

Umuvugizi wa HCR yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ari ingingo yumvikanyweko n’impande zose. Gusa, yemeza ko hazotahukanwa impunzi izovyisabira ku giti ciwe kiretse kwandikira hamwe urwandiko. Ni mu gihe hari abari bishize hamwe barenga 600 bo mw’ikambi ya Mahama basaba gutahukanwa.

Elise Villechalane amenyesha ko iyo nama nyabutatu yahuje abaserukira Uburundi, u Rwanda rwakiriye izo mpunzi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ribitaho, yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwa Video-conference kubera ikiza c’umugera wa Korona kitorohereza ingendo.

HCR ivuga ko impande zose zihaye indwi zibiri kugira zitegurire ico gikorwa, ribona ko kitoroshe. Hari hamaze iminsi hari urutonde rw’abarenga 600 biyandikishije basaba umukuru w’igihugu c’Uburundi kubafasha gutahuka bava mw’ikambi ya Mahama irimwo Abarundi barenga ibihumbi 60.

N’ubwo hari abamaze gusaba gutahuka, hari n’abandi babona ko iyo ngingo itabaraba kuko bataratekanirwa mu mitima yabo nkuko babibwiye Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Impunzi z'Abarundi Zakiriye Gute Akamo ko Gutahukana Ababishaka Bari i Mahama?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:20 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG