Uko wahagera

Rwanda: Icuka Kibi Hagati y'Impunzi z'Abarundi mw'Ikambi ya Mahama


Kuri iyo foto, hariko umwe mu barundi bahungiye i Mahama ariko anyonga agakinga
Kuri iyo foto, hariko umwe mu barundi bahungiye i Mahama ariko anyonga agakinga

Urutonde rw’impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda zishaka gutahuka rubandanya kwiyongera, ubu barenga 600. Hagati aho, bamwe mu biyanditse kuri urwo rutonde bavuga ko umutekano wabo ubangamiwe. Urwo rutonde rukija ahabona rwariko impunzi zirenga 300 zifuza gutahuka zivuye mw’ikambi ya Mahama irimwo abarenga ibihumbi 60.

Ni ikibazo giteye impari n’uruhagarara muri iyo kambi hagati y’abashaka gutaha n’abataravyiyumvamwo, nk’uko amakuru avayo abivuga. Abakabiri bita abambere ko bahemutse, abandi na bo bati ni uburenzira bwacu gutaha. Bamwe muri abo bemeza ko ubu umutekano wabo ubangamiwe. Hari kandi n’abandi bavuga ko bashizwe kuri urwo rutonde batagishijwe inama, co kimwe n'abemeza ko mu baruriko hari abitavye Imana.

Ubuserukizi bw’impunzi i Mahama buremeza ko icuka atari ciza, bugasaba abafise ubwoba kwitura inzego zibishinzwe z’umutekano, HCR n’abaserukira ubushikiranganji bujejwe impunzi muri iyo kambi, gutyo bashikirize ingene babangamiwe maze bakingirwe.

Muri Tanzaniya na ho impunzi z’Abarundi zirasemerera ko ziriko zitahukanwa ku nguvu. Urwaruka ruserukira impunzi ziri muri Tanzaniya, mu Rwanda no mu Buganda bandikiye urwandiko Perezida w’ubuganda Yoweri Museveni nk’umuhuza mukuru mu matati yatumye bahunga kugira abatabarize. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi ryoryo rirahakana ko atawe ritahukana ku nguvu nkuko umuvugizi wa HCR muri Tanzaniya yabwiye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru.

Abashaka Guhunguka Bapfa iki n'Abatabishaka?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:16 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG