Uko wahagera

Bamwe mu Barundi Bahungiye mu Rwanda Basaba Reta Kubatahukana


Umwe mu Barundi bahungiye mw'ikambi ya Mahama. Ni ifoto yafashwe mu 2016
Umwe mu Barundi bahungiye mw'ikambi ya Mahama. Ni ifoto yafashwe mu 2016

Impunzi z’Abarundi zahungiye mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda zirenga 300 zanditse urwandiko zivuga ko zifuza gutahuka. Zasavye umukuru w’igihugu c’Uburundi kuvugana na Reta y’u Rwanda hamwe na HCR kugira batahukanywe.

Bavuga ko ico bahunze caheze. N’ubwo biri uko, uwutwara impunzi mw’ikambi ya Mahama Jean Bosco Kwibishatse yamenyesheje ko hakirimwo amahinyu kuko hari abisanzeko kandi batigeze babisaba ko botahukanwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR igisata co mu Rwanda ryemereye VOA ko urwo rwandiko barubonye. Elise Villechalane ajejwe kumenyesha amakuru muri HCR, yemeje ko ico kibazo kiriko kirigirwa i Bujumbura hagati ya HCR na Reta y’Uburundi. Gusa HCR ivuga ko yiteguriye gutahukana uwuvyisabiye.

Aha ni ho ishirahamwe CBDH/VICAR riharanira agateka k’impunzi rifitiye amakenga kuko abo bamenyesheje ko bifuza gutahuka, hari abo bagiriza ko bari barabafatiye amaboko i mugongo.

Ubushikiranganji bujejwe impunzi mu Rwanda MINEMA, ntaco burashima gushikiriza, gusa bwemeza ko impunzi yose yifuza gutahuka atawuyibuza. Ikambi ya Mahama irimwo impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 60.

Inkuru yateguwe na Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda

Hari Abavuga Ariko ko Badatahura Ingene Amazina Yabo ari mu Bashaka Gutahuka
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:13 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG