Uko wahagera

Abarundi Bagera ku 500 Bahungiye mu Rwanda Ejo Baratahuka


Impunzi z’Abarundi zigera kuri 500 ni zo buca zitahukanwa n’ishirahamwe HCR hamwe na Reta y’u Rwanda kuri uyu wa kane. HCR ryasiguriye Ijwi ry'Amerika ko abo barundi bazoshikanwa ku mupaka wa Gasenyi-Nemba ugabura u Rwanda n’Uburundi, abategetsi b'Uburundi bakabakirira ngaho.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu, bose barava mu miryango yabo baje kurara mu kibanza co kuririndiriramwo, “Maison d’attente”. Bamwe muri izo mpunzi bari babwiwe ko abafise amadeni n’izindi manza bazobanza gukemura ivyo bibazo imbere y’uko batahukanwa. Ico bikoze, HCR yemeye kugifata mu minwe kuko harimwo abadafise amafaranga yo kwishura amadeni bafashe.

Ku ruhande rw'intara ya Kirundo izokwakira abahungutse, bafise igishika co kwakira bagenzi babo bagiye guhunguka bavuye i Mahama iri mu Rwanda. Kuva kuri uyu wa kabiri, umugwi w'igihugu ujejwe gutahukana impunzi wiriwe uragenzura ibibanza bizobakira uhereye aho bazorazwa I Songore muri komine Kiremba y'intara ya Ngozi no ku mupaka wa Gasenyi-Nemba aho bazokwakirirwa.

Amakuru ashikira Ijwi ry'Amerika avuga ko abagize uwo mugwi bashima aho ibikorwa vyo gutegura ivyo bibanza bigeze. Ni ibikorwa bijanye no gusanura uburaro canke kubwongereza aho abahunguka bazorara hamwe n'ibikorwa vyo kwubaka utuzu twa surwumwe no gukinga COVID-19. Abanyakirundo bariteguye kwakira vy'umwihariko abahunguka.

Amakuru dukesha bamwe mu bagize umugwi w'igihugu ujejwe gucura impunzi ziri mu Rwanda amenyesha ko ibice 58% vy'Abarundi bahungiye i Mahama baturuka mu Kirundo, ari naco catumye bahamagarira abo muri iyo ntara kwitegura kwakira abahunguka vy'umwihariko .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG