Uko wahagera

Abahinga Bagona Iki ku Kiganiro ca Donald Trump na Joe Biden?


Donald Trump na Biden mu Kiganiro cabp ca mbere
Donald Trump na Biden mu Kiganiro cabp ca mbere

Ejo ku wa kabiri nk'uko harategekanijwe ikiganiro c'impaka hagati y'abategetsi bariko barahiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu matora y'umukuru w'igihugu azoba kw'igenekerezo rya 3 ry'ukwezi kw'icumi.

Abo bategetsi nabo ni Prezida Donald Trump ariko yitoza mu kiringo kigira kabiri ku giti c'umugambwe w'Abarepublika, hamwe na Joe Biden, yigeze kuba visi prezida ku ntwaro ya Prezida Barack Obama, ariko yitoza ku giti c'umugambwe w'Abademokrate.

Impari zibaye mu gihe Amerika iri mu bihe bidasanzwe, kubera ikiza ca Corona kimaze guhitana ubuzima bw'abantu barenga ibihumbi 200. Zibaye kandi mu gihe uruhagarara ruvuye ku ruhagara ruri ku birego bivuga ko abapolisi batubahiriza agateka k'abirabure.

Mu kiganiro Frederic Nkundikije yagiranye na bamwe mu bakwirikiranira hafi politike yo muri Amerika barimwo mwarimu Athanase Gahungu yigisha muri kaminuza ya Chicago State University, na mwarimu Lionel Remesha yigisha muri kaminuza, Alliant University muri leta ya California babigarutseko.

please wait

No media source currently available

0:00 0:06:23 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG