Uko wahagera

Amashirahamwe Yigenga Ntabona Kumwe Umuti w'Amatati y'Abarundi


Umuhuza mu matati y'Abarundi Benjamin Mkapa

Imirwi y’amashirahamwe yigenga n’abandi Barundi badaharanira ivyicaro vya politike bahora kubonana n’umuhuza i Arusha muri Tanzaniya ntibahuriza kuri Reta yojaho kugira ivane mu nzira indyana za politike ziri mu Burundi.

Uruhande rumwe rushira imbere ishirwaho ya Reta mfatakibanza canke y’ubumwe yumvikanyweko n’impande zose zegwa n’amatati, urundi narwo rukabona ko inzego zova mu matora yo mu mwaka w’2020 ari zo zotuma izo ndyane zihera.

Naho abo baserukira amashirahamwe yigenga, abakenyezi, urwaruka, amashengero n’ibimenyeshamakuru mu mishikirano bari bamaze iminsi baganira n'umuhuza mu matati y'Abarundi Arusha batashoboye kwumvikana ku rwego canke Reta izoshira mu ngiro ibizofundikwa, bose barahurije ku rwandiko rwerekana uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Imibonano imirwi y’amashirahamwe yigenga n’abandi barundi badaharanira ivyicaro vya politike batanguye ku wa gatandatu n'umuhuza Benjamin Mkapa yasozerewe kuwa mbere. Bitegekanijwe ko ivyo bashikirije vyose bifatirwako mu biganiro bihuza abanyepolitike bitangura kuri uno wa gatatu ata gihindutse.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha Pierre Claver Niyonkuru.

Aho Abari mu Mashirahamwe Yigenga Badahuriza ni He?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:19 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG