Uko wahagera

Abanyeshure Batatu Bari Bafungiwe mu Gasho ka Ngozi Barekuwe


Imwe mu mafoto yakoreshejwe mw'isekeza ry'abari bakomeje gusaba ko abana bagirizwa gusibanganya ifoto ya Nkurunziza barekurwa
Imwe mu mafoto yakoreshejwe mw'isekeza ry'abari bakomeje gusaba ko abana bagirizwa gusibanganya ifoto ya Nkurunziza barekurwa

Inyuma y’imisi irenga cumi abana b'abigeme batatu bo mu Burundi bari bamaze iminsi bafunzwe bagirizwa gusibanganya ifoto y'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Pierre Nkrunziza, kuri uno wa gatatu barekuwe vy'agategekanyo.

Bagihagarikwa bose hamwe bari indwi mu nyuma umuhungu w’imyaka 13 muri bo aza kurekurwa kubera ata myaka yo gufungwa yari akwije. Batandatu bagizwe n'abigeme mu bari basigaye baciye bajanwa mu gasho k’igipolisi kegukira intara ya Kirundo.

Batatu muri abo batandatu nabo nyene bahavuye barekurwa imbere y'uko abandi batatu basigaye bajanwa gufungirwa mw'ibohero ry'abana riri mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi.

Imiryango y'abana barekuwe yabwiye Ijwi ry'Amerika ko inezerewe cane igasaba ko basubira kw'ishure.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshmakauru w'Ijwi ry'Amerika mu Kirundo Jean Bosco Ndarurinze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:47 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG