Uko wahagera

HRW Isaba Irekurwa ry'Abana Bazira Ifoto ya Prezida Nkurunziza


Prezida w'Uburundi muri Referendumu yo mu 2018
Prezida w'Uburundi muri Referendumu yo mu 2018

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch risaba ubutegetsi bw’Uburundi kurekura abanyeshure batatu bafungiwe mu ntara ya Kirundo bagirizwa gusibanganya ifoto y’umukuru w’igihugu mu bitabo vyabo.

Itangazo ry’igisata ca Human Rights Watch muri Afrika yo hagati ryo kuri uno wa kabiri rivuga ko Uburundi bukomeje kunumya abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Kubw'iryo shirahamwe, itabwa mu mvuto ry’abanyeshure indwi ryerekana ko abategetsi mu Burundi badashobora kwihanganira uw'ariwe wese.

Umuyobozi wa Human Rights Watch muri ako karere, Lewis Mudge, yemeza ko bagihagarikwa ku musi wa kabiri w’indwi iheze, abanyeshure bose uko ari indwi baciye bajanwa kumvirizwa imbere y’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Kirundo.

Umuhungu w’imyaka 13 muri abo indwi yaciye arekurwa kubera ata myaka yo gufungwa yari akwije, abigeme batandatu nabo baca bajanwa mu gasho k’igipolisi nkuko Lewis Mudge akomeza abisigura. Mu nyuma batatu muri bo bahavuye barekurwa, abandi batatu bari musi y’imyaka 18 bagumizwa mu gasho gushika mu mpera z'iyi ndwi.

Human Rights Watch imenyesha ko umwe mu bavyeyi bafise umwana afunzwe ku wa gatandatu yatanze ubuhamya avuga ko abo bana bafise ubwoba bwinshi ku buryo no gufungura ari ikibazo.

Iryo shirahamwe rihamagarira abategetsi kwihutira no kwama bitwararitse ihagarikwa n’iburanishwa ry’abantu bagirizwa ivyaha vyo guhonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu aho gufunga abanyeshure basibanganya amafoto.

Urunani FENADEB rwitaho ineza y’abana rubicishije ku rubuga rwayo rwa twitter rwavuze ko ibiro vy’umushikirizamanza wa Kirundo vyategetse ko batatu basigaye bafise imyaka 15,16 na 17 bovanwa mu Kirundo bakajanwa gufungirwa mw’ibohero rikuru rya Ngonzi.

​Urunani FENADEB rusaba ko abanyeshure bafunzwe borekurwa bakarenguka bidegemvya hagashirwa imbere impanuro, baramutse bagiriwe n’icaha bagahanishwa amategeko y’ishure apana igitabo mpanavyaha.

Ari nka hamwe abo bana boramuka bagiwe n'icaha co gutuka umukuru w’igihugu bagirijwe kuri uno wa mbere bashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka itanu.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:08 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG