Uko wahagera

Abacamanza mu Burundi Bagirizwa Kwimonogoza mu Biturire


Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana
Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana

Ubushikiranganji bw’ubutungane mu Burundi bugabisha abacamanza barya ibiturere bigatuma baca iza ngonda gonde ko badahinduye ingendo bazohagarikwa mu kazi.

Mu kiganiro umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana yagiranye n’abacamanza bo muri sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa iri mu gisagara ca Bujumbura yabagirije ko bimonogoje mu kurya ibiturire.

Madamu Kanyana yemeje muri ico kiganiro ko amatohoza yimbitse yakozwe yerekanye ko bamwe mu bacamanza ari ba « karuhariwe » mu gufumbatishwa. Abo umushikiranganji yadomyeko urutoke ni abo muri sentare y’intango ya Buterere na Kinama.

Naho abacamanza batari bafise uburenganzira bwo kugira ico bashikirije kuri ivyo vyagiriji, umushikiranganji Kanyana yagarutse ku bindi bibazo bivugwa mu gisata c’Ubutungane mu Burundi.

Muri ivyo bibazo harimwo dosiye y’abana batatu b’abigeme bo mu ntara ya Kirundo bamaze iminsi bafungiwe i Ngozi bazira kuba barasibanganije ifoto y’umukuru w’igihugu c’Uburundi Prezida Piere Nkurunziza.

Mu gihe abatari bake bakomeje gusaba ko abo bana borekurwa, Laurentine Kanyana yavuze ko amakuru yakuye muri Parike ya Ngozi ari uko abo bana boba bagiye gutezurirwa amatohoza agakorwa bari mu miryango.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:10 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG