Uko wahagera

Uburundi Burasabwa Kurekura Abana Bafunzwe


Kuva hatanguye imyiyerekano abana bagera kw’ijana na mirongo ibiri na batanu barafashwe barafungwa ariko ntibararekurwa. Abagera kuri cumi barishwe, icenda barakomereka.

Abari mu mabohero ubu bagera ni 59. Mirongo inne n’abatandatu bari mw’ibohero rikuru rya Rumonge bakaba barafatiwe mu ntara ya Cibitoke mu kwezi kw’indwi bari mu mugwi w’abantu bari bateye mu ma komine ya Kabarore intara ya Kayanza na Bukinanyana intara ya Cibitoke.

Abana batandukanye n’imiryango yabo nabo ni 698. Muri bo 326 bari mu Rwanda abandi 372 bari mu gihugu ca Tanzania.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:36 0:00

Kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kw’icenda Prezida Nkurunziza yagiriye ikigongwe abana bose bafunzwe.

Gushikubu ariko ingingo y’umukuru w’igihugu ntirashirwa mu ngiro. Ivyo bitangaza urunanni rw’mashirahamwe aharanira agateka k’abana FENADEB.

Umushikiranganji w’ubutungane Laurentine Aimée Kanyana aramaze kw’ishikira kw’ibohero rya Rumonge kugira yirabire ukwabo bana bafungiweyo bamerewe.

XS
SM
MD
LG