Uko wahagera

Itezurigwa ry'Amabohero mu Burundi Riracari Kure nk'Ukwezi.


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Itezurigwa ry'amabohero mu gihugu c'Uuburundi riracari kure nk'ukwezi. Mu mabohero icumi ari mu gihugu c'Uburundi kiretse ibohero rimwe ryonyene igitigiri c'abafunzwe kiruta ico amabohero agenewe kwakira.

Naho abanyororo barenga 2000 barekuwe mu ntango z'umwaka 2017 ku bw'ikigongwe c'umukuru w igihugu, mu mabohero atandukanye haracibonekeza ibitigiri vy'umurengera hisunzwe abanyororo yari agenewe kwakira.

Umugwi wamaho mu nama nshingamateka uraba ibibazo vy'ubutungane n'agateka ka zina muntu waragendeye amabohero atandukanye yo mu gihugu ku magenekerezo ya 27 ukwezi kwa kabiri gushika itariki 1 z'ukwezi kwa gatatu mu ntumbero yo kuraba aho ishigwa mu ngiro ry'ikingongwe catanzwe n'umukuru w'igihugu rigeze.

Icegeranyo uyo mugwi washize ahabona kuri uyu wa kabiri mu nama nshingamateka cerekana ko basanze mu mabohero ibitigiri bikiri umurengera.

Umugwi w abashingamateka bagendeye amabohero bashikirije muri ico cegeranyo ico korwa mu ntumbero yo gutezurira amabohero.

Umushikiranganji w'ubutungane Aime Laurentine Kanyana yari mu nama nshingamateka igihe hariko harashikirizwa ico cegeranyo. Bamwe mu bashingamateka baronse akaryo ko kumubaza ibibazo. Bamwe muribo bagarutse kur'ibihano nyunguragihugu vyosubirira umunyororo. Umushingamateka mo mamon karegwa.

Aime Laurentine Kanyana yishuye k'ivyo ivyo bihano nyunguragihugu bidakunda mur'ano mango.

Mur'uyu mwaka 2017 amafaranga agenewe amabohero ararenga umuriyaridi w'amafaranga y'amarundi. Mu natngo z'umwaka mu mabohero amwe amwe haribonekeje ubukene bw'infungurwa aho mbere mu bumanuko bw'igihugu c'Uburundi mu ntara ya Rumonge ubwo bukene bw'infungurwa bwatumye haba yegereyegere y'abanyororo:

Fidelite Ishatse, umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:36 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG