Uko wahagera

Mu Burundi ONUB ngo Izafasha m'Ukurinda Umutekano mu Matora yo mu Makomini


Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Carolyn MacAskie, yaremeje icese, ku musi wa gatatu, y’uko ishirahamwe arongoye mu Burundi, ONUB, rizofata mu mugongo reta mu gucungera amatora y’abahanuzi ku rwego rwa komine. Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Carolyn Mac Askie yarasubiriye gutera akamo ko gusaba ko abajejwe gucungera ico gikorwa bogumana ubwigenge, ntihagire aho bahengamira, no gukoresha ubutungane muri ico kiringo, kugira ngo bashobore kurwanya ubusuma bwoja mu matora.

Yaramenyesheje ko gushika ubu hamaze kuvurwa ubusuma bujanye no guhenda abanyagihugu mu kubagurira amakarata yabo y’amatora. Carolyn Mac Askie amenyesha y’uko ivyo ataco bishobora gufasha abayaguze kuko uwiyandikishije wese akaba ari ku rutonde rw’amatora ashobora gutora, n’aho atoba yitwaje ikarata y’amatora. Yarongeye aremeza kandi ko amakarata menshi ataco ashobora kumara mu gihe yoba azanywe n’umuntu umwe.

Carolyn Mac Askie yaramenyesheje y’uko ONUB izofasha mu bijanye no gucungera umutekano, riri kumwe n’abasoda bo mu gisirirkare gishasha hamwe n’ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu. Ku bwiwe ivyo bizofasha gukingira umutekano mu gihe imirwi imwe imwe yahora irwana imaze igihe imenyesha ko izosubira gufata ibirwanisho mu gihe itotsinda amatora.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yarameyesheje kandi ko atewe umutima uhagaze n’imidurumbanyo ishobora kugirwa n’imirwi inyuranye mu bihe vy’amatora. Aha twovuga nk’abahora mu mirwi irwana, abari mu mikangara y’aba civils icungereye umutekano, ari bo « Jeunes Gardiens de la Paix », hamwe n’amasyndicats amwe amwe amaze imisi amenyesha ko agiye guhagarika akazi.

Tumenyeshe y’uko ayo matora y’abahanuzi ba komine ashitse mu gihe ikiringo c’ishirahamwe ONU mu Burundi congererejweko ayandi mezi atandatu.

XS
SM
MD
LG