Uko wahagera

Burundi: ONU Irasaba ko Amategeko Agenga Amakomini n'Amatora Yemezwa Vuba


Umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro y’i Arusha warateye akamo ku musi wa mbere k’uko inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zokwemeza mu maguru masha integuro z’amategeko, irizogenga amakomine hamwe n’irizogenga amatora.

Umukuru w’uyo murwi, akongera akaba ari nawe aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Umupfasoni Carolyn MacAskie, yamenyesheje ko intambwe iboneka yagezweko mu matora y’ibwirizwa shingiro aheruka ku wa 28 ruhuhuma, itabuza ko hariho ibitari bike bitegerezwa kurangurwa mw’iringanizwa ry’ayandi matora azokurikira.

Uko ibikorwa bijanye n’iyemezwa ry’izo nteguro biriko biragenda bishobora gutuma ikirangamisi c’ayandi matora yimirije cigizwa inyuma umurengera, ingaruka ikazoba ugukenera uburyo bwinshi no kudadika ibijanye n’amatora nk’uko Caroly Mac Askie abimenyesha.

Iyemezwa ry’izo nteguro rizotuma umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kuringaniza amatora ushobora gushinga ikirangamisi gishasha c’amatora n’ukugene azotegekanywa.

Iyo nama irashima uko ibikorwa vyo kwaka ibirwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abahora ari abarwanyi biriko biragenda muri kino gihe. Umupfasoni Carolyn Mac Askie amenyesha y’uko abasirikare nka bose bo mu mirwi yahora irwana bamaze kwegeranirizwa mu bibanza bizwi.

XS
SM
MD
LG