Uko wahagera

Amahanga Arasaba Abanyaporitiki b'Abarundi Kwemera Ibizava mu Matora


Abanyepolitique bategerezwa gufasha mu gucungera amahoro arama kandi kuri bose. Ako n’akamo katewe n’amashirahamwe y’Ubumwe bwa Afrika hamwe na ONU mu gihe imigambwe yatanguye ibikorwa vyo kwiyamamaza mu matora yo ku rwego rwa komine.

Mamadou Bah na Carolyn Mac Askie baserukira ayo mashirahamwe mu Burundi baramenyesheje mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru y’uko amatora ari kimwe mu bintu bihambaye mu kwubaka democratie, intahe hamwe n’umutekano mu bihugu vyahora mu gihe kirekire c’ingwano nk’Uburundi.

Muri ivyo bihe abanyagihugu bategerezwa kumenya ukugene umugambi w’amahoro ugenda no kwitaba amatora ata nkomanzi. Ayo mashirahamwe ukw ari abiri yarasavye y’uko abanyepolitique bokwirinda ingendo zituma iterabwoba mu banyagihugu, ibitutsi, n’ukwemera aho abanyagihugu bashize mu gihe umurwi wigenga CENI wemeje ivyavuye mu matora. Abamenyeshamakuru ku bwabo ngo bokora akazi kabo neza, bakirinda amajambo yo gutukana n’ayo gutyozanya, bagakora bisunga ineza y’abanyagihugu.

Carolyn Mac Askie aserukira ishirahamwe ONU na Mamadou Bah aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika baremeye ko umuryango mpuzamakungu uzokwiyunga n’Abarundi muri ayo matora no gucungera y’uko ariko aragenda neza.

XS
SM
MD
LG