Uko wahagera

Ukraine Ikeneye Imfashanyo Yihutirwa: Blinken


 Antony Blinken, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Antony Blinken, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, ejo ku musi wa kane, yaratangaje ko Ukraine ikeneye iyindi mfashanyo mu buryo bwihutirwa.

Antony Blinken yabitangaje inyuma y’inama yagiranye n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ishirahamwe OTAN. Ni mu gihe hari impungenge zitera ziyongera ko Uburusiya buriko bwongereza inguvu za gisirikare cabwo, bubifashijwemwo n’Ubushinwa, Koreya ya ruguru na Irani. Antony Blinken yagize ati:

"Turazi ibikenewe, ni uburyo bwo kwivuna ibitero vya missile na drone, vya muzinga, ibisasi hamwe n’insoro. Ndemera ko mfatiye ku vyo numva muri iki gihe, ko impande zose, harimwo Reta Zunze Ubunwe za Amerika zizokora ibishoboka vyose kugira zironke uburyo, Ukraine ibandanye gukenera"

Mu gihe ibihugu bigize ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, bimaze igihe biha ibigwanisho Ukraine, iryo shirahamwe ryashimikiye guha ico gihugu izindi mfashanyo atari ibigwanisho, mu ntumbero yo kutongereza imishamirano n’Uburusiya.

Mu gitondo c’ejo ku musi wa kane, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, yarabonanye na mugenzi wiwe wa Ukraine, Dmytro Kubela, i Bruxelles mu Bubiligi.

Abo bategetsi bompi baganiye ku kugene ibintu vyifashe ku rugamba n’uburyo bwo gukomeza no gukingira igisata c’amasoko ntanganguvu muri Ukraine. Ni inyuma y’uko Uburusiya bubandanya gukora ibitero kuri ico gisata. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG