Reta ya Amerika, irashobora kandi izoha Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare. Umuhanuzi mu biro vya Prezida wa Amerika ku bibazo vyerekeye umutekano, Jake Sullivan, yabitangaje, kuri uyu wa gatatu.
Ni mu gihe umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg, yatangaje ko imfashanyo nk'iyo ihambaye cane.
Umuhanuzi mu biro vya Prezida Biden ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, Jake Sullivan, yavuze ko ata kindi gihugu na kimwe gishobora gusubirira Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Aha ni ku bijanye n’urugero rw’imfashanyo giha Ukraine ku bijanye na za muzinga, uburyo bwo kwivuna ibitero vy’indege z’ingwano na za misile, hamwe n’ubundi buryo ico gihugu gikeneye.
Yabitangaje ari kumwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN Jens Stoltenberg.
Jake Sullivan yatangaje ko bategerezwa kwihutira guha imfashanyo Ukraine. Yavuze ko Amerika hamwe n’ibihugu bicudite bizobandanya bishimikira kuri ico gikorwa, kandi ko bizokirangura.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg, yashimangiye ubutumwa Jake Sullivan yashikirije.
Yavuze ko ari ikintu gihambaye ko Kongre ya Amerika yumvikana ku vyerekeye kubandanya gushigikira Ukraine muri kazoza ko hafi. Yatangaje ko afise icizere ko
bihugu vyose bicuditse na Ukraine bizokora ibishoboka vyose kugira bibandanye kuyiha imfashanyo.
Ayo majambo yo gushigikira Ukraine, yavugiwe ku cicaro c’ishirahamwe OTAN, i Bruxelles, igihe umuhanuzi w’ibiro vya Prezida Biden, Jake Sullivan, yagendeye icicaro c’iryo shirahamwe.
Ayo majambo yashikirijwe kandi mu gihe Abarepublikani muri Kongre ya Amerika bazibiye integuro y’itegeko rigenewe guha iyindi mfashanyo Ukraine. (AFP
Forum