Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwemeje Imiriyaridi 50 zo Gufashisha Ukraine


Prezida wa Ukraine kumwe n'abategetsi b'Ubumwe bwa Buraya
Prezida wa Ukraine kumwe n'abategetsi b'Ubumwe bwa Buraya

Abategetsi b'Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya uno munsi ku wa kane, bemeje imfashanyo igera ku mamiriyaridi 50 y'amadorari ya Amerika igenewe Ukraine. Bagondoje Hongriya yari yarazibiye ingingo yo kwemeza ivy'iyo mfashanyo mu mwaka uheze.

Prezida w’akanama gakuru k’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, Charles Michel, yashimye ivy'ino ngingo avuga ko Ubumwe bwa Buraya bwerekanye uburongozi bwiza, butari bwa sindabibazwa, kandi buzi neza igikwiye gukorwa.

Ku rubuga rwiwe rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Michel yongeye yandika ati: “Iyo mfashanyo yuguruye inzira y’imfashanyo y’igihe kirekire kandi ihoraho kuri Ukraine.”

Mu nama yahuje ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze, Hongriya yari yaranse ko iyo mfashanyo yova mu ngengo y’imari y’Ubumwe bwa Buraya kuko Ukraine itari umunyamuryango. Ibindi bihugu vyose uko ari 26 bigize uwo muryango, ico gihe vyari vyatoye “Ego” kuri iyo mfashanyo izotangwa mu kiringo c’imyaka ine.

Ikigo c’ubushakashatsi, gikorera I Londres mu Bwongereza, kijejwe ivy’impinduka mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya, cavuze ko imfashanyo uwo muryango wemeje ari ngombwa kugira ngo Ukraine ishobore kubandanya neza urugamba irimwo n’Uburusiya.

Luigi Scazzieri, atwara ico kigo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo mfashanyo itagenewe kwongereza inguvu z’igisirikare ca Ukraine, kuko hari iyindi mfashanyo y’imiriyaridi zitanu mu mamafaranga y’abanyaburaya, yagenewe ivya gisirikare. Hongriya, yarazibiye ivy’iyo mfashanyo ariko Luigi Scazzieri avuga ko uwo muryango uzokora ibishoboka vyose iyo mfashanyo ikemezwa.

Akatari gake, Hongriya yarazibiye ingingo zo gufasha Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya. Muri zo, harimwo nko kwanka ko Ubumwe bwa Buraya bufatira ibihano Uburusiya, kwanka ko uwo muryango uha ibirwanisho Ukraine, kwanka ko Ukraine yemererwa kwinjira mu Bumwe bwa Buraya. Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya, Viktor Orban, afitaniye imigenderanire myiza cane na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin.

Hagati aho, imfashanyo Ubumwe bwa Buraya bwemeje kuri Ukraine, isa nka mpa nguhe, yaciye mu kurekura imiriyaridi 11 z’amayero y’imfashanyo ya Hongriya, Ubumwe bwa Buraya bwari bwarafatiriye, bwagiriza ico gihugu kutubahiriza demokarasi. Ubumwe bwa Buraya buracafise kurekura izindi miriyaridi 24, kandi nta nkenga ko Hongriya izobanza gusaba ko zirekurwa.

Ubumwe bwa Buraya bwari bwagabishije kuzibira ivy'imfashanyo mu vy’ubutunzi kuri Hongriya, ari nka hamwe ico gihugu kitemeje imfashanyo za Ukraine.

Forum

XS
SM
MD
LG