Kuri uno musi wa gatatu, impande zompi zatanye mu mitwe bikomeye mu ntara ya Gaza. Ivyo bitero bikaba bibandanya kuremera abanyagihugu ba Palesitina babandanya kubura aho bahungira canke ubufashwa bw’abagiraneza.
Igisirikare ca Isirayeri catanganje kuri uno musi wa gatatu ko cagize ibitero vyo mu kirere mu bibanza bishika ku 250 muri Gaza mu musi umwe.
ONU yaramenyesheje ko vyibonekeza ko Isirayeri yongereje uburemere bw’ibitero vyayo vy’amabombe igira muri Gaza, kuva k’umutaga w’umusi wa mbere. ONU ivuga kandi ko abagwanyi b’abanyepalestina nabo bongereje inguvu mu bitero vyabo vyo ku butaka harimwo ivy’amarokete aterwa muri Isirayeri.
Abategetsi mu gisirikare ca Isirayeri bavuga ko bariko barakikuza igisagara ca kabiri kinini c’ubumanuko bwa Gaza, Khan Younis.
Ivyo bitero vyiyongereye mu bumanuko bwa Gaza bibaye inyuma y’ibindi vyagizwe mu buraruko bwaho, harimwo ivyagizwe mu gisagara gikuru ca Gaza. Bibaye kandi inyuma yaho igisirikare ca Isirayeri kigabashirije abantu ku bohungira mu bumanuko bwa Gaza, kikongera kikabategeka kwirinda ahari ibitero. (VOA News)
Forum