Uko wahagera

Isirayeri Yigamba Ibitero Yakajije muri Gaza


Bimwe mu vyononywe n'ibitero vya Isirayeri muri Gaza
Bimwe mu vyononywe n'ibitero vya Isirayeri muri Gaza

Isirayeri yemeza ko yakajije ibitero muri Gaza. Igisirikare ca Isirayeri kivuga ko uno munsi ku wa gatandatu, cagavye ibitero birenga 50 mu gisagara citwa Khan Yunis kiri mu buseruko bwa Gaza. Ni ibitero Isirayeri ivuga ko yagavye ikoresheje inzira zo mu birere, mu mazi no kubutaka.

Isirayeri yemeza ko mu buraruko bwa Gaza naho nyene yahagavye ibitero. Igisirikare ca Isirayeri cigamvye ibitero casubiye kugaba muri Gaza inyuma y’indwi y’agahengwe k’intambara Isirayeri na Hamas vyari bimazemwo.

Abategetsi ba gisirikare muri Isirayeri babandanya kuvuga ko inyuma y’iminsi ibiri y’ako gahengwe, muri rusangi bagavye ibitero birenga 400 muri Gaza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza busigura ko ibitero vya Isirayeri vyahitanye abantu 184. Isirayeri ntaco ivuga kuri ivyo bitigiri.

Hagati aho, umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Siriya yavuze ko mu bucagucagu bw’uno wa gatandatu, Isirayeri yagavye ibitero mu micungararo y’umurwa mukuru wa Siriya, Damas. I

bimenyeshamakuru vya reta muri Siriya vyatangaje ko igisirikare c’ico gihugu carashe missile nyinshi za Isireyeri, kandi ata na kimwe ivyo bitero vya Isirayeri vyononye muri Siriya. Aya makuru ntaco Isirayeri irayavugako.(AP. AFP, REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG