Uko wahagera

Ingwano Ikomeye Hagati ya Isirayeli na Hamas Yadutse Hafi y'Ibitaro vya Gaza


Ugutana mu mitwe gukomeye kwabaye, kuri uyu wa mbere, mu micungararo y'ibitaro biri mu buraruko bw'intara ya Gaza. Ni mu gihe Israyeri iriko ibandanya ibitero vyayo ku murwi Hamas.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza bwatangaje ko abantu batari musi ya 12 bishwe igihe ikibombe cacasambura igorofa ya kabiri y’ivyo bitaro vyubatswe n’igihugu ca Indoneziya. Ntaco igisirikare ca Isirayeri cabivuzeko. Umushikirangaji ajejwe imigenderansire wa Indoneziya, Retno Marsudi, yiyamirije ico gitero, yagiriza Isirayeri ko ariyo yagikoze.

Retno Marsudi yatangaje ko igihugu ciwe ciyamirije civuye inyuma igitero cabereye kuri ivyo bitaro, avuga ko cahitanye abasivile batari bake. Marsudi yavuze ko ico gitero gihonyanga ku buryo bugaragara amategeko mpuzamakungu. Yasavye ibihugu vyose, cane cane ibicuditse na Isirayeri gukoresha ububasha n’igihagararo bifise mu ntumbero yo kuyisaba guhagarika ubwicanyi avuga ko iriko irakona mu ntara ya Gaza.

Ejo ku musi w’Imana, ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Misiri vyatangaje ko impinja zavutse imbere y’igihe 28 zavanywe mu bitaro vyitwa Shifa muri mu ntara ya Gaza, zarashitse muri Misiri. Tony Fricker akora mw’ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho abana, UNICEF, yatangaje ko igikorwa co kwimura izo mpinja kicari coroshe na gato. Yamara yasiguye ko yari intambwe nziza naho yari ntoyi mu kiringo c’amasaha 48. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG