Uko wahagera

Perezida Biden Asaba ko mu Mirwano yo muri Gaza Ibitaro vya Al Shifa Vyokingirwa


Ibitaro vya Al Shifa mu ntara ya Gaza
Ibitaro vya Al Shifa mu ntara ya Gaza

Prezida wa Amerika Joe Biden avuga ko ibitaro vyo mu karere ka Gaza “bitegerezwa gukingirwa” mu gihe Israyeli ibandanya gukora ibitero ku mavuriro ari mu bice biri hafi ya Palestiniya.

Prezida Biden yabivuze mu gihe ibintu bitera vyunyuka ku bitaro bikuru vya Al Shifa mu gisagara ca Gaza. Ivyo bitaro kandi vyarafashwe n’abasirikare ba Israyeli ikiringo c’imisi itari mike.

Umwe mu baganga yerekanye isanamu y’inzoya icenda zavutse, hataragera zisangiye agatanda kamwe.

Igisirikare ca Isirayeri cavuze kuri uno musi wa kabiri ko kigiye gukura muri Israyeli udutanda twagenewe kurazamwo abana bavutse hatageze, badutane kuri ivyo bitaro vya Al Shifa.

Isirayeri ivuga kandi ko umurwi Hamas Amerika ivuga ko ukora iterabwoba, ushobora kuba ukoresha abasivile mu kwikingira kuri ivyo bitaro, kandi ukaba ukorera musi y’inyubakwa zavyo.

Yamara, Isirayeri ntiratanga amasanamu canke amavidewo yemeza ivyo birego ku bagwanyi ba Hamas kuri ivyo bitaro vya Al Shifa. Hamas hamwe n’abakozi b’ivyo bitaro barahakana ivyo vyagiriji.

Ivyo biri uko mu gihe hano i Washington, DC abantu insinzi bari mu myiyerekano yateguwe n’amashiraamwe y’Abayahudi ifise intumbero yo gushigikira Israyeri no gusaba ko abantu bagizwe imbohe na Hamas barekurwa.

Forum

XS
SM
MD
LG