Uko wahagera

Isirayeri: Hamas Irekura Imbohe Kubera Yaremerewe n'Amakungu


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji mukuru wa Israyeli Benjamin Netanyahu atangaza ko irekurwa ry’abantu bafashwe imbohe abaribo bose, biva ku kuremera kuriko kugigwa ku murwi w’abagwanyi ba Hamas.

Haciye umusi umwe abategetsi batari bake bo mu bihugu vy’abarabu bagiranye inama yihuta muri Arabiya Sawudite. Baranebaguye bivuye inyuma ibitero Isirayeri yagize mu karere ka Gaza.

Inyuma yaho, umuhanuzi mu bijanye n’umutekano wa Reta zunze ubumwe z”Amerika, Jake Sullivan, yaciye agira ikiganiro kuri televiziyo y’abanyamerika ABC. Yibukije ashimitse aho Amerika ihagaze ku ntambara reta ya Tel Aviv ku murwi wa Hamas.

Yagize ati: "Twebwe duharanira ko amategeko agenga intambara afise agaciro gakomeye cane. Ivyo bisigura ugufata ingingo zose zijanye no gukingira abasivile. Kanatsinda tuzobandanya gushimangira ku mvugo yuko Isirayeri ifise uburenganzira bwo kwivuna abansi b’abagizi b’ibitero vy’iterabwoba."

Umushikiranganji mukuru Benjamin Netanyahu nawe ku musi w’Imana yari yasabwe na televiziyo CNN kugira ico avuzeko kuvyo umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze, yuko abanyepalestiniya benshi cane bamaze kwicirwa mu karere ka Gaza.

Benjamin Netanyahu yagize ati: “Jewe nibaza ko buri musivile apfuye ari ibintu biba biteye agahinda. Kandi ivyo bikwiye kubazwa Hamas kuko ni yo iriko irababuza guhunga akarere karimwo intambara ikababuza ibafiseko inkoho ku gahanga. Yaragize ibitero mu karere twategekanije ko kagenewe umutekano.”

Umushikiranganji mukuru wa Isirayeii yongeye avuga ko ni intambara irangira uruhara rw’umutekano wa Gaza ruzoguma mu minwe y’igisirikare ca Isirayeri, ariko avuga ko hakiri kare mu kumenya uwuzoba ayobora reta y’ako karere.

Forum

XS
SM
MD
LG