Uko wahagera

Denis Mukwege Asabwa Kuba Kandida mu Matora muri RDC


Dr. Denis Mukwege, umuganga avura ingwara z'abakenyezi mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika, kw'itariki 18/05/2022
Dr. Denis Mukwege, umuganga avura ingwara z'abakenyezi mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika, kw'itariki 18/05/2022

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri Republika ya Demokrasi ya Kongo ariko asaba Dogiteri Denis Mukwege kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu.

Dogiteri Denis Mukwege, yatewe iteka mu guhabwa agashimwe k’amahoro, kitiriwe Nobel, mu mwaka w’i 2018. Yatangaje ko abamushigikiye bamuhaye ibihumbi 100 vy’amadolari yo kumufasha guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Kongo kw’itariki 20 y’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka.

Abanywanyi b’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, baragiye mu bitaro akoreramwo mu gisagara ca Bukavu, mu buseruko bwa Kongo, kumuha ayo mafaranga asabwa kugira ashobore kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu.

Denis Mukwege, afise imyaka 68, yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel kubera ivyo yakoze mu gufasha abapfasoni bafashwe ku nguvu, ntaremeza niba azokwitoza muri ayo matora.

Abazohiganwa mu matora yimirije bafise gushika kw’itariki umunani z’ukwezi kw’icumi kugira babe biyandikishije. Dogiteri Mukwege, ni umwe mu bantu banebagura bikomeye Prezida Felix Tshisekedi.

Hari icuka kibi mu gihugu, amezi atatu imbere y’uko abanyagihugu baja gutora. Gutoteza no guhagarika abatavuga rumwe na reta n’abamenyeshamakuru biriko biriyongera mu gihugu. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG