Uko wahagera

Umutekano wa Denis Mukwege Wongeye Gucungerwa na ONU


Abasirikare ba ONU bacungera umutekano muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, basubiye mu gikorwa co gucungera umutekanio w’Umunyekongo yaronse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel Denis Mukwege.

Ico gikorwa co gucungera umutekano wa Mukwege yagabishijjwe kw’ashobora kwicwa inyuma y’aho atereye akamo gasaba gutohoza ivyaha vy’ityozwa ry’agateka ka zina muntu vyakorewe mu buseruko bwa Kongo, casubiye gutangura ejo ku musi wa gatatu.

Mukwege yamenyekanye mu makungu inyuma y’aho aronkeye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel kubera uruhara yagize mu kuvura abakobwa hamwe n’abakenyezi bakorewe amabi n’abagabo babafashe ku nguvu mu gihe c’ingwano yamaze imyaka irenga cumi mu buseruko bwa Kongo.

Amajambo yashikirijwe na Mukwege mu misi heze yerekeye ivyo vyaha, yaratumye igihugu kibanyi c’u Rwanda kimushavurira gushika aho uwigeze kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi yavuze ko Mukwege akwiragiza ibihuha.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryavuze kw’umutekano wiwe ugeramiwe inyuma y’aho aronkeye ubutumwa bucishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe no kuri telephone, bumugabisha hamwe n’umuryango wiwe ko bashobora kwicwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG