Uko wahagera

DRC: Dr Denis Mukwege n'Umuryango Bakomeje Guterwa Ubwoba


Ino foto ya Dr Mukwege ni iyo mu 2019 ari mu nama mu Buyapani
Ino foto ya Dr Mukwege ni iyo mu 2019 ari mu nama mu Buyapani

Dr. Denis Mukwege, umunyekongo yatahukanye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 2018, Prix Nobel de la Paix, atangaza ko hari abantu bakomeje kumutera ubwoba. Ni inyuma yaho atereye ivyatsi ubwicanyi buheruka gukorerwa abanyagihugu bo mu buseruko bwa Kongo.

Mu ikete itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryemeza ko rifitiye kopi, Muganga Mukwege yanditse agira ati: “Kuva ku wa Mungu igenekerezo rya 26, aho ndabishije ku rubuga rwanje rwa Twitter niyamirije ubwicanyi bwabereye ahitwa Kipupu muri teritwari ya Mwenga mu ntara ya Kivu y'epfo, naronse ubutumwa bwinshi burimwo amajambo yuzuye inzanko. Bumwe muri ubwo butumwa, buranyerekeye, ubundi nabwo bwega abaryango banje.”

Muri iryo kete AFP itatomoye uwo muganga Mukwege batazira “Umugabo asana imibiri y’abagore bahohotewe”, yarirungikiye, iyo mpirimbanyi yemanze ko yaba abamukandamiza, abashaka gufatira mu vy’umwuga wiwe ngo bamutere ubwoba canke ubundi buryo bwose, ata n’umwe yoza amubuza gushira ahabona akaga abanyagihugu ba Kongo babayemwo. Yagize ati: “Bavyumve ko ata n’umwe antera ubwoba”.

Abajejwe umutekano muri Kivu y’epfo bavuga ko abaguye mu bwicanyi bw’I Kipupu batarenga 18. Umurwi w’abashingamateka batowe muri ako karere yamara bo bavuga ko abahitanywe n’ubwo bwicanyi ari 220.

Akarere ka Kipupu gaherereye mu mitumba ya teritware ya Fizi ihanamiye ikiyaga ca Tanganyika ku ruhande rwegereye Uburundi n’u Rwanda.

Hagati aho, Dr Mukwege aramutswa ivuriro rya Panzi twibutse ko mu 2012 yarusimvye inyuma yaho abantu bitwaje ibirwanisho batereye umuhana wiwe. Ni igitero cahitanye umuzamu wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG