Uko wahagera

Denis Mukwege Yatsindiye Nobel y'Amahoro Agabishwa Kwicwa


Muri Republika ya demokrasi ya Congo, hari amakuru avuga ko hari abantu bariko bagabisha kwica Dogiteri Denis Mukwege yatsindiye agashimwe ka Nobel

Umuyobozi w’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agetaka ka muntu, Michelle Bachelet yasavye uno musi ku wa gatanu ko haba itohoza ryihutirwa ku makuru avuga ko hari abariko bagabisha kwica Dogiteri Mukwege.

Yamenyeshe ko Mukwege ari intwari y’ukuri kubera igikorwa ciwe c’ukurwanira agateka ka muntu. Yashizeho ibitaro mu bureruko bwa Republika ya Congo bizwi ku bikorwa vy’ukuvura abakorewe amabi afatiye ku gitsina.

Michelle Bachelet avuga ko ubuzima bwa Mukwege busa n’ubugeramiwe muri iki gihe. Yararusimvye igihe hari abantu bagerageje kumugandagura mu mwaka w’i 2012. Kugabisha kumwica vyarabaye kandi imbere yaho.

Umuvugizi w’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu, Rupert Colville avuga ko bitoroshe muri iki gihe kuvuga neza aboba bariko bagabisha kwica Dogiteri Mukwege. Uwo muvugizi yibaza ko kugabisha kumwica bisa n’ibifatiye ku gikorwa ciwe c’uguharanira agateka ka muntu.

Prezida wa Republika ya demokrasi ya Congo, Felix Tshisekedi, yari yemeje kubahiriza umutekano wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG