Uko wahagera

Dr Denis Mukwege Asaba ko Abakora Ihohotera Rifatiye ku Gitsina Bahanwa


Isanamu ya videwo y'uwatahukanye agashimwe kitiriwe Nobel, Dr. Denis Mukwege ku bitaro Panzi yashinze i Bukavu.

Umunyekongo yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel, Denis Mukwege, yifatanije n’ibihugu bitari bike mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi kuri uyu wa gatatu, mu gusaba ko hongerezwa ibihano ku bakora ihohotera rishingiye ku gitsina mu ntambara. Hari mu nama ngaruka mwaka y’ako kanana ku vyaha bishingiye ku gitsina.

Amaraporo kw’ihohotera rishingiye ku gitsina yariyongereye mu bihugu biri mu ntambara mu mwaka uheze, uhereye muri Etiyopiya, Libiya, Repubulika ya demokarasi ya Kongo no muri Darfur.

Denis Mukwege yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko kudahana vyasasiwe indava. Uyo muhinga w’ingwara z’abakenyezi asaba ONU gushiraho umurongo utukura ntarengwa kuri abo bose bakora ubwo bubisha.

Pramila Patten, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU kw’ihohotera rishingiye ku gitsina mu ntambara, yavuze ko raporo y’uyu mwaka itanga urutonde rw’abantu 52 n’imigwi bagirwa n’ivyo vyaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG