Uko wahagera

Denis Mukwege Asaba Ishingwa rya Sentare Mpuzamakungu kuri RDC


Umunyekongo Denis Denis Mukwege mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tokyo, kw'itariki 03/10/2019.
Umunyekongo Denis Denis Mukwege mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tokyo, kw'itariki 03/10/2019.

Umunyekongo aheruka gutahukana agashimwe kitiriwe Nobel, Denis Mukwege, yasavye ko hashingwa sentare mpuzamakungu ikurikirana ivyaha vy’agateka ka muntu vyakorewe mu gihugu ciwe, Republika ya demokarasi ya Kongo.

Yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, aho hibukwa imyaka 10 iheze ishirahamwe mpuzamakungu ONU risohoye raporo yerekana amabi yakorewe ikiremwa muntu mu gihugu ciwe, avuga ko bibabaje kubona iyo raporo yarirengagijwe.

Yavuze ko uwo wese avuga ko ata vyaha hamwe n’ihonyabwoko vyakorewe ikiremwa muntu muri ico gihugu ariko abikorana umutima mubi.

Uwo muganga abaga akongera agakurikirana indwara z’abakenyezi, muri uyu mwaka yaratewe ubwoba ko ashobora kwicwa, inyuma y’isekeza yatanguye ryo gusaba ko ukudahana abafata abakenyezi ku nguvu n’ubwicanyi bubera muri ico gihugu bihagarara.

Mukwege avuga ko intambara zibiri zikomeye zabaye muri Kongo, iyabaye hagati y’1996-1998 na hagati y’1998-2003, zasheshe amaraso atari make kandi gushika n’ubu agiseseka.

Iyo raporo ya ONU ivuga ko u Rwanda na Uganda vyagize uruhara muri izo ntambara zibiri, Mukwege avuga ko zahitanye amamiliyoni y’abantu. Ariko u Rwanda rwarahakanye rwivuye inyuma ibiri muri iyo raporo.

Kuri uyu wa kane kandi, mu gisagara ca Bukavu harabaye imyiyerekano yiyamiriza ukudahana abakora ivyaha kumaze imyaka myinshi, ariko Mukwege ntiyayitabiriye ku mvo z’umutekano wiwe.

Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka muntu, Amnesty International na Human Rights Watch yashikirije kuri uyu wa kane ko ashigikiye urugamba rwa Mukwege rwo gusaba ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG