Uko wahagera

Nijeri: Abakoze Kudeta Baragabisha Kwica Prezida Bazoum mu Gihe Cedeao Yobatera


Prezida yakuwe ku butegetsi muri Nijeri Mohamed Bazoum ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Niamey, muri Nijeri, kw'itariki ya 16/03/2023
Prezida yakuwe ku butegetsi muri Nijeri Mohamed Bazoum ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Niamey, muri Nijeri, kw'itariki ya 16/03/2023

Muri Nijeri, abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Prezida Mohamed Bazoum bagabishije ko bashobora kumwica, mu gihe hogira igihugu kibanyi na kimwe cokoresha inguvu za gisirikare kugira kimugarukane ku butegetsi. Babibwiye abategetsi 2 bo mu bihugu vyo mu burengero barimwo uw’Amerika.

Umwe mu bategetsi ba gisirikare b’igihugu co mu burengero yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, AP, ko mu babwiwe iyo nkuru yo gushobora kwica Prezida Mohamed Bazoum, barimwo icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Victoria Nuland.

Abaserukira abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri “babibwiye Victoria Nuland mu rugendo yahoramwo muri Nijeri”, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, Ijwi ry’amerika rikesha ano makuru, ryabitangaje.

Itororokanirizo ry’amakuru, AP, ntirivuga igihugu umutegetsi yarihaye ano amakuru akomokamwo. Yamara, hari uwundi mutegetsi wa Amerika yabwiye AP ko aya makuru, ari amakuru y’imvaho. Uwo mutegetsi yasavye ko amazina yiwe adatangazwa kubera ata ruhusha rwo kuvugana n’ibimenyeshamakuru yahawe.

Abategetsi bahaye AP amakuru y’ubwicanyi bushobora gukorerwa Prezida Mohamed Bazoum, imbere y’uko ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ritangaza umugambi waryo wo gukoresha inguvu za gisirikare mu “kugarukana demokarasi muri Nijeri”

Amerika yavuze ko iri ku ruhande rwa CEDEAO, ariko yirinda gutomora nimba ishigikiye inguvu za gisirikare iryo shirahamwe rigabisha gukoresha, canke itarishigikiye.

Antony Blinken arongoye ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu yagabishije abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri, avuga ko umutekano wa Prezida Mohamed Bazoum uri mu minwe yabo. Blinken yavuze ko Amerika ifise impungenge ku mutekano wiwe, n’uw’umuryango wiwe. (AP, REUTERS, AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG