Uko wahagera

Burundi: Hoba Hari Abanyegeje Inoti za 5.000 n'10.000?


Ibanki Nkuru ya Repubilika y’Uburundi yatangaje ku mugoroba wo ku wa gatatu ko yafashe ingingo yo guhagarika inoti za 5000 n’iz’ibihumbi 10 zakozwe kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro umwaka w’2018, inyuma yo kubona ko amafaranga isohora atagarurwa mu ma banki bigatuma ibikorwa vyoguhanahana amafaranga bitagenda neza.

Mu itangazo ryashikirijwe abamenyeshamakuru na Dieudonne Murengerantwari atwara ibanki nkuru y’igihugu c’Uburundi BRB, rimenyesha imvo n’imvano yo guhindura inoti za 5,000 n’i 10,000 zakozwe kw’igenekerezo rya 4 ukwezi kw’indwi umwaka w’2018. Ivyo navyo birimwo ibura ry’izo noti ryari rimaze iminsi ryibonekeza.

Amafaranga mashasha asubirira ayari ahasanzwe yaciye atangura gukoreshwa hakimara gusohoka itangazo. Ayo mafaranga yemejwe n’ibanki nkuru BRB ko agiye gukoreshwa yakozwe kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa 11 umwaka w’2022.

Mukorohereza abari basanzwe bakoresha ayo mafaranga n’abayafise mu mazu yabo, hatanzwe ikiringo kingana n’iminsi 10 yo kuba bayatwaye mu ma banki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG